Uko wahagera

Afrika y’epfo: Abitwaje Inkoho Bishe 8 Bari mu Rubanza rw'Isabukuru


Muri Afrika Y’epfo abantu bitwaje inkoho baragandaguye abantu 8 aho bari mu rubanza rwo kwigina isabukuru y’amavuko ya mugenzi wabo.

Ubwo bwicanyi bwakorewe mu gisagara ca Gqeberha, cahoze citwa Port Elizabeth. Bwahitanye abantu umunani barimwo uwariko urahimbaza imyaka yiwe y’amavuko.

Kuri uno musi wa mbere igipolisi catangaje ko abantu batazwi bishe barashe abo bantu bose, bongera bakomeretsa abandi bantu 3. Abo nabo amagara yabo ntiyifashe neza. Icatumye bakora ubwo bwicanyi ntikiramenyekana.

Umukuru w’igipolisi mu ntara y’ubuseruko ya Cape, Nomthetheleli Mene, yiyamirije ubwo bwicanyi, avuga ko bwerekana “ukudasonera ubuzima bwa kiremwa muntu”. Igipolisi kimenyesha ko amatohoza yatanguye kandi ko kiriko kirahiga abo bagizi ba nabi.

Ico gitero cabaye ku mugoroba w’ejo ku musi wa Mungu mu rugo rw’uwo yariko arahimbaza umusi mukuru w’amavuko, igihe abantu babiri batazwi batangura kurasa abashitsi biwe.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG