Uko wahagera

Amasanamu y'Ingene Umugabo wa Nancy Pelosi Yatewe Yasohotse


Bamwe mu bakorera FBI imbere y'urugo rwa Pelosi
Bamwe mu bakorera FBI imbere y'urugo rwa Pelosi

Polisi y’igisagara ca San Fransisco kiri muri reta ya Califoniya yashize ahabona amasanamu y’umunsi umushingantahe wa Nancy Pelosi yahora atwara inama nshingamateka y'Amerika agabwako igitero.

Ayo masanamu atangura yerekana ingene Paul Pelosi n’uwitwa David DePape yamugavyeko igitero, baja kugurura umuryango polisi imaze kudodora. Yaba DePape na Paul Pelosi, bose barwanira kwakana inyundo uwo DePape yari yitwaje.

Binaniranye ko Paul Pelosi yaka inyundo DePape, yahavuye ayimuhonda mu mutwe. Polisi yirinze kwerekana neza ariko amasanamu y’ingene DePape yahonze mu mutwe Paul Pelosi: Videwo yashizwe ahabona yerekana gusa Paul Pelosi arwa hasi.

Ibindi vyashizwe ahabona ku gitero cagabwe kuri Paul Pelosi, ni ingene Paul Pelosi yahamagaye inomero yo gutabaza ya 911. Amajwi yiwe yumvikanamwo kandi na DePape amutegeka ivyo abwira igipolisi.

Amasanamu y’ingene DePape yinjiye mu rugo rwa Pelosi ruri muri San Fransisco nayo nyene yasohotse, co kimwe n’ayerekana igipolisi kiriko gisatira kibaza ibibazo bitandukanye DePape w’imyaka 43.

Madame Nancy Pelosi yahoze atwara inama nshingamateka y'Amerika yavuze ko atipfuza na gato kuraba ayo masanamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG