Uko wahagera

Abakorana na Afurika Bayemereye Imiliyaridi 30


Umukuru w’ibanki ijejwe iterambere muri Afrika, Akinwumi Adesina
Umukuru w’ibanki ijejwe iterambere muri Afrika, Akinwumi Adesina

Abakorana na Afrika mu bijanye n'iterambere bemeye guha uwo mugabane imiliyaridi 30 z'amadolari zigenewe gufasha kwongereza umwimbu w'ibifungurwa.

Umukuru w’ibanki ijejwe iterambere muri Afrika, Akinwumi Adesina, yatangaje ko ayo mafranga azofasha kwongereza umwimbu w’ibifungurwa ku mugabane wa Afrika mu kiringo c’imyaka itanu yimirije. Yabitanganje mu gihe c’ukurangiza inama y’imisi itatu ku vyerekeye ibifungurwa, yabereye ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar.

Iyo nama yari yahuje abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika, amabanki ajejwe iterambere n’abakorana na Afrika bo mu mahanga, barimwo Reta zunze ubumwe z’Amerika, umuryango w’ubumwe bw’Uburaya n’Ubwongereza mu ntumbero yo gutororokanya amafranga hamwe no kwerekana ugushaka kwa politike.

Icashimikiweko cane muri iyo nama kwari uko ibihugu vyo muri Afrika bikeneye gushiraho uburyro bugenewe kwongereza umwimbu w’ibifungurwa, aho kuzera cane ku bifungurwa buguriwe mu mahanga, vyatumye ivyo bihugu bigeramirwa n’ibiciro biri hejuru hamwe n’ukubura kw’ibifungurwa.

Umugabane wa Afrika uhanganye n’ikibazo gikomeye cane c’ibifugungurwa kitari bwibonekeze imbere y’aho. Abarenga umwe ku banyafrika 5, ni ukuvuga imiliyoni 278, barageramiwe n’inzara, hisunzwe ibiharuro bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Amadeni y’umurengera yatewe n’ikiza ca COVID-19 n’ingwano muri Ukraine vyatumye ibiciro vy’ibitoro, intete n’amavuta y’uguteka vyiyongera. Ivyo vyiyongeye kw’ihindagurika ry’ibihe n’intambara. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG