Uko wahagera

Burundi: Abakenyezi Bapimisha Imbanyi Baracari Bake


Umukenyezi w'i Makamba yibarutse
Umukenyezi w'i Makamba yibarutse

N’ubwo gupimisha imbanyi mu Burundi bikorwa ku buntu, abakenyezi baja kwa muganga kwisuzumisha imbanyi itararenza amezi 3 mu ntara ya Makamba baracari bake.

Mu mezi cenda ya mbere y’umwaka w’2022, ubuyobozi bw’amagara y’abantu mu ntara ya Makamba, bwaharuye hagati ya 33 na 35% y’abakenyezi bapimishije imbanyi zabo zitararenza amezi 3. N’abakenyezi baja kwisuzumisha inyuma y’imisi 15 bahejeje kwibaruka baracari bake: Bari hagati ya 55 na 63% muri ico kiringo nyene.

Hamenyimana Merthus, umuremeshakiyago wo ku mutumba wa Makamba ya mbere, aravyemeza, agasigura ko ikibituma ari uko abakenyezi iyo basamye imbanyi umwana bakwirikije akiri muto, bagira isoni, bagashima kunyegeza imbanyi, gutyo bakaja kwitura muganga imbanyi imaze amezi arenga 3.

Ikindi Hamenyimana asigura, ni abagabo bigira sindabibazwa mu bijanye n’amagara y’umuvyeyi yibungenze. Ku bw'uwo muremeshakiyago, ivyo biraheza bikagira ingaruka ku mbanyi y'umuvyeyi atipimishije kare.

Ikindi kiringo abakenyezi batisuzumisha ku rugero rushimishije, ni imisi 15 inyuma yo kwibaruka. Iyo bumva ata gasonga mu mubiri, ivyo kuja kwa muganga ngo barabe ko amagara yabo ameze nabi, ntubabaza. Ikibituma ni udukorwa twinshi two mu rugo. Niyonsaba Nestor umwakirizi kw’ivyariro ry’i Makamba ati abakenyezi bibungeze badafise ingorane ntibaza kwisuzumisha.

Mugenziwe Ineza Alice nawe ati n’ubwo woba ubona ibimenyetso vy’uko wibungenze, ni vyiza kuja kwa muganga kuko kuza imbanyi ikuze, bigora abaganga gufasha umuvyeyi n’umwana mu gihe baba bafise ingorane

Kuja kwipimisha ufise imbanyi kare, birafasha kugira umuvyeyi bamuhe impanuro z’ukugene yofungura neza, yokwigenza kugira umwana yibungeze agire amagara meza. Bagahabwa n’imiti yo kubakingira malariya.

Nestor Niyonsaba, umwakirizi kw’ivyariro ry’i Makamba ahanura abavyeyi gukirikiza impanuro z’abaganga imbere yo kwibaruka n’inyuma.

Mu ntumbero yo gukwegakwega abakenyezi bibungenze baje gupimisha imbanyi zikiri nto, abakenyezi barahabwa imisegetera yo kwifuka ngo ntibaribwe n’umubu utera malariya. Amavuriro arafise abaremeshakiyago abafasha guhimiriza ariko abakenyezi bipimisha imbanyi ikimaze amezi 3, canke bamaze imisi 15 bibarutse baguma ari bake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG