Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere wa Nouvelle Zelande Yatanze Imihoho


Jacinda Arden
Jacinda Arden

Umushikiranganji wa mbere wa Nouvelle Zelande yatanze imihoho. Jacinda Arden, yatangaje uno musi ku wa kabiri, ku musi wiwe wa nyuma mu mabanga yiwe ko yiteguriye kuba umuvyeyi.

Jacinda Arden yaserutse ubwa nyuma mu mabanga yiwe y’umushikiranganji wa mbere mu gisagara ca Ratana hanze y’umurwa mukuru, Wellington, ari kumwe na Chris Hipkins, uwuzomusubirira. Hipkins ni we muyobozi mushasha w’umugambwe uri ku butegetsi muri Nouvelle Zelande.

Arden yaratangarije abanyagihugu mu ndwi iheze igihe yavuga ko atanze imihoho inyuma y’imyaka irenga itanu mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere. Yasiguye ko ata nguvu n’ishaka yumva agifise z’ukubandanya muri ayo mabanga.

Jacinda Arden yarateye ivyatsi urukurukuru rw’uko yatanze imihoho kubera abantu bafise ivyiyumviro vy’intagondwa bamwifatiye mu gahanga ku mbuga ngurukanabumenyi. Yabwiye abamenyeshamakuru ko atashaka ko hagira uwubona ko ingingo yiwe y’ugutanga imihoho mu buryo bubi ku bijanye n’igihugu ca Nouvelle Zelande. Yatangaje abanyagihugu bamweretse urukundo n’ubuntu igihe yari mu mabanga yiwe.

Jacenda Arden, yabaye umupfasoni wa kabiri yibarutse ayoboye igihugu mu mwaka w’i 2018. Azoguma mu nama nshingamateka igihe uwuzomusubirira, Chris Hipkins, azorahira ejo ku musi wa gatatu. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG