Uko wahagera

Burundi: Ubukene bw’Amazi Buhangayikishije Abanyagihugu


Ubukene bw’amazi mu ma komine y’intara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi burateye umutima uhagaze abanyagihugu ku bijanye no gutuza ikiza c’ingwara ya korera. Ni mu gihe abajejwe intwaro badahengeshanya kubahimiriza kwitwararika isuku kugira batuze ingwara zituruka kw’isuku rike.

Imitumba ya Munyika ya mbere na Mparambo ya mbere yo muri komine ya Rugombo y’intara ya Cibitoke ni yo ibangamiwe cane n’ubukene bw’amazi. Abanyagihugu baho bavuga ko kuvoma amazi ari igikorwa bahebera umunsi wose, nahone bagashobora kutayaronka.

Biraba ngombwa ko rimwe na rimwe barondera aho bagura amazi kubafise amatangi bayimburiramwo igihe yabonetse. Iduga ry’ibiciro ku bidandazwa mu gihugu ntiryasize inyuma n’amazi. Ibido y'amalitiro 20 yahora igurwa amafaranga 20 haraheze imyaka 3, ubu igurwa amafaranga ari hagati y’100 na 200.

Mu ntara ya Bubanza nayone iri mu buraruko bw’igihugu, amakomine nka Gihanga na Bubanza ntiboroherwa gushikira amazi meza. Kubera ubushobozi buke bwo kugura ku banyagihugu, butuma badashobora kuronka amafaranga bagura amazi, abo muri komine Rugombo y’intara ya Cibitoke bavuga ko bikora ku ruzi Nyakagunda rumanukana muri komine Rugombo, Ruzananye muri komine Mugina, rutera ruja kwisuka mu ruzi Rusizi.

Amakuru y’isoko ryacu atubwira ko urwo ruzi nyakagunda rusa nabi cane. Eka no mu gisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi si yororo. Ibintu biri uko mu gihe haheze indwi zibiri ubushikiranganji bw’amagara y’abantu butangaje uturere tw’ubuvuzi tubangamiwe n’ikiza ca korera.

Mu ntwaro baciye bakora amahimiriza y'urutavanako mu banyagihugu ku bijanye no gukwirikiza amabwirizwa cumi y’isuku. Buramatari w’intara ya Cibitoke, Careme Bizoza, avuga ko bari ku kivi kugira bakemure ico kibazo c’amazi.

Ikibazo c’amazi kiramaze imyaka itari mike kivugwa mu ntara zitandukanye z'igihugu. Ibintu bikaba vyagiye birunyuka kubera igwirirana ry’abantu. Amakuru atangwa n’ishirahamwe Regideso rijejwe gukwiragiza amazi mu bisagara ni uko amasoko 2 yitwa ko atanga amazi menshi mu gisagara ca Bujumbura yubatswe mu mwaka 1982 n’umugambi witwa IMBO.

Ayo nayo yaragenewe abanyagihugu 800. Kugeza ubu akaba atarindi soko ririyongera. Ariko kandi haraheze imyaka 5 reta ishizeho ikigega co gushigikira amakomine mu migambi yayo ahanini harimwo iyo kuronsa amazi meza abanyagihugu. Ikomine imwe imwe yari yandikiwe amafaranga angana n’imilioni 500.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG