Uko wahagera

Reta ya Kenya Yemeye ko ari yo Yishe Inyoni Zonona Ibiterwa


Inyoni Kenya yemeza ko zonona imirima
Inyoni Kenya yemeza ko zonona imirima

Ubushikiranganji bujejwe uburimyi muri Kenya buremeza ko bwishe inyoni zingana amamiliyoni zari ziri mu karere k’igihugu karimwamwo umuceri.

Ubushikiranganji bumenyesha kandi ko izo nyoni ziriko zirahonya ibitegerwa biri mu matongo angana n’amahegitari atari make ariko bakavuga ko bakoresha umuti ata kindi wonona.

Yamara abaharanira ugukingira ibidukikije bavuga ko reta yari ikwiye gukoresha ubundi buryo bwo gutuza izo nyoni itarinze kuzica.

Umuceri muri Kenya usigaye ari igiterwa gikomeye cane mu ntete ico gihugu kirima, inyuma y’ibigori n’amasaka. Ubushakashatsi bwakozwe na reta bwerekana ko umuceri utegwa ahantu hangana n’ibice 70% vy’imirima y’ico gihugu.

Ibitero vy’izo nyoni bavuga ko zaje ziba mu bindi birere zitagura kurya imiceri, birabangamiye uburimyi bw’ ico giterwa. Reta yaciye itangura kwica izo nyoni ikoresheje gupompa imiti mu kirere.

Collin Marangu umukuru w’ibiro bijejwe gukingira ibiterwa muri Kenya avuga ko izo nyoni bazishe mu bice bine vy’ako karere aho zagiye zirahonye ibiterwa guhera kwezi kw’umunani w’umwaka wa 2022.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG