Uko wahagera

Somaliya: Abajejwe Umutekano Barangije Igitero ca Al Shabab i Mogadishu


Abaporisi ba Somaliya bibundiye aba al shabab hafi y'ibiro vy'umukuru w'igisagara ca Mogadishu inyuma y'aho ivyo biro biterewe kw'itariki ya 22/01/2023
Abaporisi ba Somaliya bibundiye aba al shabab hafi y'ibiro vy'umukuru w'igisagara ca Mogadishu inyuma y'aho ivyo biro biterewe kw'itariki ya 22/01/2023

Reta ya Somaliya ivuga ko abajejwe umutekano barangije imishamirano yabahuje n’umuhari w’iterabwoba wa Al shabab I Mogadishu ejo kuw’Imana. Iyo mirwano yamaze amasaha ane yabereye ku biro vy’umukuru w’igisagara ca Mogadishu no ku zindi nyubako za reta.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, imico kama n’ingenzi, yavuze ko abajejwe umutekano barashe barica aba al-Shabab batandatu muri ico gitero co kuri uyu w’Imana. Yongeyeko ko abasivile batanu bahasize ubuzima abandi bane barakomereka.

Reta ya Somaliya yavuze ko abarwanyi ba al-Shabab bashitse muri ico kibanza n’amaguru, biyoberanije nk’abasirikare ba reta. Bashitse batera igisasu giturika bagikurikiza ayandi masasu menshi.

Al-Shabab wigamvye ivyo bikorwa ubicishije ku rubuga rwa Telegram. Wemeje ko abarwanyi bawo bateye ku ngoro Yusuf Hussein Jimale, umukuru w’igisagara Mogadishu akoreramwo. Wavuze ko wishe abantu 34 barimwo abategetsi, abasirikare, n’abakozi ba reta. Ariko nta makuru yigenga aravyemeza.

Uwundi mukuru w’ico gisagara, Abdirahman Omar Osman, yaheruka guterwa na al-Shabab kw’itariki ya 24 z’ukwezi kw’indwi, 2019.

Iki gitero co kibaye mu gihe reta ya Somaliya ikibandanya ibikorwa vya gisirikare mu ntara zitari nke kugira ikure al-Shabab mu bisagara n’imihana yifatiye. Ku musi wa gatandatu, abategetsi muri reta ya Jubaland batangaje ko abasirikare babohoje igisagara ca Jana Cabdalle, kiri ku birometero 60, mu burengero bwa Kismayo.

Reta ya Somaliya yavuze ko igitero ca al shabab co kuri uyu w’Imana ari ikimenyetso c’uko abo barwanyi bakwiye gukurwa mu gihugu ubutakigaruka. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG