Uko wahagera

Papa Fransisiko Ahoza Ababuriye Ababo mu Gitero ADF Yagavye muri DRC


Papa Francisiko mu rugendo aherukamwo ku mugabane wa Afurika
Papa Francisiko mu rugendo aherukamwo ku mugabane wa Afurika

Mu myiteguro yo gufata urugendo aja muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo mu mpera z’uku kwezi, Papa Fransisiko, yahojeje yongera asengera imiryango yabuze mu gitero cahitanye abantu bariko barasenga.

Mu butumwa bwarungitswe mu buryo bwa telegramu, Papa Francisco yahojeje Pasiteri Andre Bokundoa-Bo-Likabe, Vatikani ibona ko ari umukuru w’ishengero rya Kristu muri Congo.

Ni mu gihe abategetsi bavuga ko igitero co ku musi wa mungu i Kasindi, mu ntara y’uburaruko bwa Kivu, cahitanye abantu 14, congera gikomeretsa abandi 60.

Umurwi witwaje ibiganisho uharanira reta ya kislamu hamwe n’ishami ryawo rijejwe gushikiriza amakuru Aamaq, vyatangaje ko ari vyo vyateze bombe mw’isengero, bica birayituritsa igihe abantu bariko barasenga.

Urwo rwandiko rwa telegramu ruvuga ko “Umutima wa Pape uri kumwe n’imiryango yashikiwe n’ico cago” kandi ko Papa ateye akamo gasaba kubungabunga amahoro.

Papa Francisco yitezwe gushika mu gisagara ca Kinshasa kw’itariki 31 y’uku kwezi kwa mbere, mu rugendo rw’ imisi itatu. Urwo rugendo rwari rwateguwe kuzoba mu kwezi kw’indwi (mu mwka uheze) aho yari yiteze kuja i Goma no muri Kivu ya ruguru. Urwo rungendo ntirwabaye rukiba kubera amakenga y’umutekano muke urangwa mu ntara ya Kivu ya ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG