Uko wahagera

Intagondwa Ziyitirira Isilamu Zigamvye Kwica 14 muri DRC


Ahagabwe igitero muri DRC
Ahagabwe igitero muri DRC

Umuhari w’abarwanyi baharanira reta ya kislamu uremanga kuba wishe abantu 14 kw’ishengero riri mu buseruko bw’igihugu ca Congo. Abo bagwanyi bariyitirira igitero ca bombe cakozwe ejo ku musi wa mungu cahitanye abantu 14 nkuko bishikirizwa n’abategetsi kuri uno musi wa mbere.

Mu rwandiko bashize mu kinyamakuru cabo ca Aamaq, abo barwanyi bavuga ko bateguye ico gitero aho batega bombe muri iryo shengero riri i Kasindi baca bayituritsa igihe abantu bariko barasenga. Banditse bavuga kandi bati, “Abasirikare ba Congo bakwiye kumenya ko mu gihe bazobandanya kugira ibitero kuri Mujahideen bizobandanya kubazanira ukuneshwa no kubura.

Abo barwanyi bavuga ko iyo bombe yahitanye abakristu 20. Yamara, kuri uno musi wa mbere abategetsi ba Congo batangaje ko hitavye Imana abantu 14 gusa kandi ko hakomeretse abandi 63. Abategetsi bavuga ko abakomeretse batabawe n’inteko za ONU zijejwe umutekano arizo MONUSCO ku bitaro bikuru vy’i Beni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG