Prezida Joe Biden yatangaje kuri uyu wa mbere ko muri Amerika, urwanko n’inzigo bitazotsinda. Hari igihe Amerika yibuka ubuzima bwa Rev. Martin Luther King Jr. yaharaniye ubutungane hamwe n’agateka k’abirabure muri Reta zunze ubumwe za Amerika.
Mw’ijambo yashikirije i Washington indongozi z’ishirahamwe National Action Network, riharanira uburenganzira bwa muntu, Prezida Biden yavuze ko abanyamerika badakwiye gutinya gukora iciza.
Yavuze ko mu myaka ibiri yiwe ya mbere ku butegetsi, hafashwe ingingo zo gusunurura ubuzima bw’abirabure bo muri Amerika. Ariko yemeye ko hakiri vyinshi bitarakorwa.
Prezida Biden yemeye kuzokorana n’inama nshingamateka igenzurwa n’abarepublikani ku bibazo biboneka ko bashobora kuzokumvikanako. Ariko yavuze kandi ko atazohitisha itegeko azobona ribangamira imiryango ifise amikoro abayabaye.
@VOA
Facebook Forum