Uko wahagera

Amerika Iribuka Umusi Wahariwe Martin Luther King


Prezida Joe Biden ashikiriza ijambo mw'isengero Ebenezer Baptist Church muri Atlanta, Georgia, kw'itariki ya 15/01/2023, mu nkuka y'imisa yo kwibuka Martin Luther King Jr.
Prezida Joe Biden ashikiriza ijambo mw'isengero Ebenezer Baptist Church muri Atlanta, Georgia, kw'itariki ya 15/01/2023, mu nkuka y'imisa yo kwibuka Martin Luther King Jr.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yabwiye abanyamerika kuri uyu w’Imana ko ubuzima bwa Martin Luther King Jr bukwiye kubabera icigwa ku gukumira ibibatandukanya, urwanko rushingiye ku rukoba hamwe n’akarenganyo mu butungane. Hari mw’ijambo yashikirije mw’isengero ry'aba baptiste Ebenezer, Martin Luther King yabereyemwo umupasiieri imbere yuko agandagurwa.

Prezida Biden abaye umuprezida wa mbere wa Amerika ashikirije ijambo mu nkuka y’imisa ku musi w’Imana, muri iyo sengero iri mu gisagara ca Atlanta muri reta ya Georgia.

Kuri uyu w’Imana, hibutswe imyaka 94 kuva Martin Luther King Jr avutse. Yishwe afise imyaka 39, mu mwaka w’1968 i Memphis, muri reta ya Tennessee.

Abaprezida batari bake ba Amerika, barimwo na Prezida Biden, baragendeye iryo shengero mu ntumbero yo kumwibuka, mu bihe haba hariko haribukwa itariki yiwe y’amavuko. Ariko Prezida Biden niwe yabaye uwa mbere yashikirije ijambo mu nkuka y’imisa.

Buri musi wa mbere ugira gatatu mu kwezi kwa mbere buri mwaka, ni umusi w’akaruhuko muri Amerika hibukwa itariki uwo yaharaniye uburenganzira bw’abirabure yavukiyeko.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG