Uko wahagera

Abashika 68 Barapfuye mw'Isanganya y'Indege muri Nepal


Abatabara hamwe n'abasivile bakoraniye ahari ibisigarira vy'indege yaguye i Pokhara, muri Nepal, kw'itariki ya 15/01/2023
Abatabara hamwe n'abasivile bakoraniye ahari ibisigarira vy'indege yaguye i Pokhara, muri Nepal, kw'itariki ya 15/01/2023

Indege ntoya yunguruza abantu yagize isanganya hafi y’ikibuga c'indege mpuzamakungu c’i Pokhara muri Nepal kuri uyu w’Imana, hapfa abantu bashika kuri 68.

Sudarshan Bartaula, umuvugizi w’ikompanyi Yet iyo ndege yegukira, yavuze ko yari itwaye abantu 72, barimwo abana babiri, abakozi bayo bane hamwe n’abanyamahanga 15.

Abategetsi bavuze ko ikirere cari kimeze neza igihe iryo sanganya ryaba kandi ko biteze gutora ibindi biziga mu bisigarira vy’iyo ndege.

Umushikiranganji wa mbere wa Nepal, Pushpa Kamal Dahal, yavuze ko iyo ndege yagize isanganya ivuye ku murwa mukuru, Kathmandu, yerekeza i mu gisagara ca Pokhara hagati mu gihugu.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG