Uko wahagera

Burundi: Ikibazo c'Umwavu w'Ikizungu Cabaye Ingorabahizi ku Barimyi


Umugabo ariko asomba ifumbire ya Fomi mu bubiko mu ntara ya Bubanza mu burengero
Umugabo ariko asomba ifumbire ya Fomi mu bubiko mu ntara ya Bubanza mu burengero

Mu Burundi, ikibazo c'umwavu w'ikizungu cabaye ingorabahizi ku barimyi. Umushikiranganji wa mbere kuri uyu wa Gatanu yahaye imisi itarenga itanu ikigo gihingura umwavu kugira kibe carenganuye abarimyi.

Mu gihe umwaka w'uburimyi watanguye mu kwezi kw'icenda umwaka wa 2022, kugera ubu mu ntara nka zose abarimyi ntibararonka ifumbire y'ikizungu.

Abanyagihugu bo mu ntara zitandukanye baganiriye n’Ijwi ry’Amerika bavuga ko bashegeshwe n’ukubona inyuma y’amezi hafi atatu agatasi gatanguye batararonswa ifumbire kandi barayirihiye.

Mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero abarimyi baho bo bifuza ko umwavu w’ikizungu wocuruzwa mu mwidegemvyo ata mananiza agiyemwo. Mu ntara ya Bubanza mu burengero naho nyene abarimyi imyodogo ni yose.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rifise ariko ata mutegetsi arayemeza avuga ko hoba hari abagwizatunga bashora umwavu wa FOMI mu gihugu kibanyi ca Kongo, aho ugurwa amafaranga menshi kandi ukagurwa mu madolari, bityo bikaviramwo Uburundi kutaronka ifumbire rikwiye.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza, akorera Ijwi ry'Amerika.

Umushikiranganji wa Mbere Agabisha Ikigo Gikora Ifumbire ry'Ikizungu mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:09 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG