Uko wahagera

Reta y'Uburundi Ivuga ko Yagaruye Icizere mu Barimyi b' Ikawa


Ikawa igeze igihe co kwimbura
Ikawa igeze igihe co kwimbura

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema amenyesha ko ubu icizere cagarutse mu barimyi kuva reta ishize ico giterwa mu minwe yayo

Leta y'Uburundi itangaza ko imaze gukoresha imiriyaridi zirenga gato 20 z'amafaranga y'Uburundi guhemba abarimyi b’ikawa muri rino sizeni. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema amenyesha ko ubu icizere cagarutse mu barimyi kuva reta ishize ico giterwa mu minwe yayo.

Kuri uno wa kabiri ku murwa mu kuru wa politike Gitega, Déo Guide Rurema yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kugira abashikirize ibikorwa reta iriko irarangura mu gisata c’ikawa.

Yamenyesheje ko kuva aho reta isubiriye gushira mu minwe yayo kw’igenekerezo rya mbere umwaka 2019 igisata c’ikawa, yamaze gushira mu ngiro ivyo yiyemeje. Ivyo navyo n’uguhemba abarimyi ku gihe. Ico gikorwa akamenyesha ko catwaye imiriyaridi zirenga 20 mu mafaranga y’amarundi. Amenyesha ko gushira mu ngiro ivyo reta yiyemeje bigarukana icuka ciza hagati y’abarimyi na reta.

Mw’ishirahamwe ry’abarimyi b’ikawa barashima ko bahemberwa ku gihe ariko bakanegura ko igiciro kitaduga kandi ariho abarimyi bazeye uburaro n’uburamuko. Ntabomenyereye Jean Pierre arongoye urunani rw’abarimyi b’ikawa amenyesha ko agahembo k’amafaranga 550 ku kilo c’ibiturumbwe kadahuye n’umuruho abarimyi bakura mw’ikawa.

Uwo arongoye urwo runani aranasaba reta kuronsa abarimyi vya nkenerwa nk’ifumbire kugihe kugira bashobore kugwiza umwimbu.

Umushikiranganji Déo Guide Rurema amenyesha ko ikawa zimaze kudandazwa kugeza ubu zingana hafi amatoni ibihumbi 9, ku gaciro karenga gato imiriyaridi 42 z’amarundi. Iyo kawa imaze kudandazwa na reta ikaba ingana n’ibice 63 kw’ijana ku mw’imbu witezwe uno mwaka ungana amatoni ibihumbi 14.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG