Uko wahagera

Burundi: Abaganga Bagabisha Abakoresha Imiti "Yongereza Inguvu" mu Kurangura Amabanga y'Abubatse


Imwe muri farumasi iri i Makamba
Imwe muri farumasi iri i Makamba

Mu Burundi, abakiri bato bamwe bamwe mu ntara ya Makamba barakoresha imiti yongereza inguvu z’ubugabo kandi batavyandikiwe na Muganga. Abajejwe amagara y’abantu barabagabisha ko gufata iyo miti bishobora kubagirira ingaruka mbi muri kazoza ka hafi canke aka kure mbere n’ugupfa bagashobora gupfa.

Uriko uraganira n’imisore imwe imwe ku mugwa mukuru wa Makamba barakubwira ko hari aho bishika bakifashisha imiti yongereza inguvu z’ubugabo mu gihe co guhuza ibtisina. Basigura ko biba ngombwa kwikora Kuri iyo miti kugirango bereke uwo baryamanye ko bashoboye ico bita kumwemeza.

Aho rero baba bashaka ko uwo mukobwa atabacishamwo ijisho ko ataco bamaze. Mu mamangazini y’imiti amwe amwe, baremeza ko mu bagura iyo miti íbice biri hagati ya 40 na 50% ari urwaruka. Mu yindi mangazine y’imiti ngo 40% baba ari abakiri bato kandi batarubaka.

Urwo rwaruka rero rurafise utuzina bita iyo miti ku buryo ashitse mu mangazini y’imiti akayisaba, ababa baharí batamenya ico asavye. Muri ayo mazina, harimwo abakoresha imvugo "mpa kamwe k’ibeteri risigaranye umuriro muke, kamwe k’igihumbi",...n’utundi.

Muganga Paul Nkezimana ati iyo miti hariho abo yagenewe baba basanganywe ingorane yo kudashobora kurangura amabanga y’abubatse kubera indwara. Kandi bategerezwa kwandikirwa uwo muti n’umuganga. Gufata iyo miti ukiri muto bimenyereza nabi umubiri nk’uko vyemezwa na Muganga Paul Nkezimana.

Muganga Muhimpundu Fabrice wo ku bitaro i Makamba nawe ati iyo miti iragera aho ataco iba ikikumarira kuko umubiri wayimenyereye. Izindi nkurikizi zirigaragaza ku magara y’uwayifashe igihe kirekire mbere agashobora gupfa nk’uko Muganga Muhimpundu Fabrice avyemeza

N’abigeme canke abagore baba bari kumwe n’uwo yanyoye iyo miti mu guhuza ibitsina biramuruhisha no gukomereka agakomereka mu bihimba vy’irondoka.
Muganga Paul Nkezimana na Muhimpundu Fabrice bahanura urwaruka rufise ibibazo vyo guhuza ibitsina bivuye ku bushobozi buke bw’ubugabo kwitura abaganga.

Muganga Muhimpundu Fabrice ati ivyo kugomba kwemeza abigeme bobiheba kuko nabo nyene baba bariko bariyica. Abo baganga basaba kandi abadandaza imiti kutayiha ababituye bose n’ababa batayandikiwe na muganga.

Mu buyobozi bw’amagara y’abantu mu ntara ya Makamba bemeza ko ata tegeko ribuza gucuruza iyo miti. Iremewe n’amategeko mu Burundi ariko hari abayikoresha ico itagenewe canke bakayigura bakaja kuyikoresha kandi batayandikiwe na muganga.

N’abadandaza imiti bamwe bamwe nabo nyene bashira imbere kudandaza bakibagira kwitaho amagara y’ababa baje kubagurako imiti. Ivyo rero ntivyoroha kugwanya kandi biragira ingaruka mbi ku magara y’abantu.

Mw’itegeko numero 11 ryo ku wa 8 rusama rigenga urudandaza rw’imiti, ni ho babitomora neza: Mu gice ca kabiri, ikigabane ca kabiri, ingingo ya 16, imiti yemewe mu bindi bihugu, ntisubira gusaba kwemererwa ngo icuruzwe mu Burundi.

Nayo abadandaza b’imiti babironkeye uruhusha, bararekuriwe kudandaza imiti yose yinjijwe ku butaka bw’uburundi. Ikibujijwe ni ukudandaza imiti yarengeje ikiringo canke ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwafashe ingingo ko umuti kanaka uvanwa kw’isoko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG