Uko wahagera

USA: Indege Zitwara Abantu n'Ibintu Zahagaze Gatoyi Kubera Ibyuma Nyabwonko


Indege zahagaritswe ku kibuga ca La Guardia mu mujyi wa New York
Indege zahagaritswe ku kibuga ca La Guardia mu mujyi wa New York

Indege zitwara abantu n’ibintu zarasubiye kugira ingendo ku musi wa gatatu inyuma y’uko zihagaze kubera ivyuma nyabwonko biziyobora bigize ibibazo.

Ikigo kijejwe kugenzura indege zitwara abantu n’ibintu muri Ameririka, “US Federal Aviatiton Administration”, FAA, mu mfunyapfunyo, ryatangaje ku musi wa gatatu ko uruja n’uruza rw’indege rwasubiye kuba mu bice bitandukanye vya Reta zunze ubumwe za Amerika. Ni nyuma y’uko ibibazo vya kimwe mu vyuma nyabwoko bifasha kuziyobora gipfuye, mu vyatumye ingendo z’indege zigera ku 5,400 zitebeshwa mu gihe ingendo z’izindi 900 zihagarikwa.

Ikigo FAA cyari categetse imbere yaho ko indege zitwara abantu zihagarika uruja n’uruza rw’abagira ingendo hagati mu gihugu mu kiringo c’amasaha atari make. Nta ngaruka ivyo vyari vyagize ku ruja n’uruza rw’indege za gisirikare.

Ibiro vya prezida w’Amerika, Maison Blanche, vyari vyatangaje imbere y’aho ko ata vyemezo vyari bihari vy’igitero ku vyuma nyabwonko. Yamara Prezida Joe Biden yatangaje ko batazi icatumye icuma nyabwonko kigagara. Yategetse ubushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu gutohoza icatumye ivyo biba. Ibibazo nk’ivyabaye ku musi wa gatatu ni ibintu biba gake muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG