Uko wahagera

Ndayishimiye: Abadiplomate "Bivye Uburundi" Vuba Barashengezwa


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022

Mu Burundi, umukuru w'gihugu yemeza ko abategetsi bahawe amabanga yo hanze y'igihugu bagirizwa ibiturire n'ayandi mabi agiye kubashengeza na bo nyene mu butungane.

Prezida Evariste Ndayishimye yabishikirije kuri uyu wa mbere mu ntara ya Rumonge iri mu bumanuko bushira uburengero, aho yiriwe gushikiriza buramatari mushasha aherutse kuja mu Mabanga.

Uwugiye mu mabanga asubiririye Consolateur Nitunga aheruka kugenwa mu mabanga y’umuhanuzi muri ambassade y'Uburundi i Kinshasa muri Kongo. Prezida Ndayishimiye yemeza ko vuba Nitunga agiye kumugarukana, kugira amushengeze imbere y'ubutungane.

Consolateur Nitunga yagirizwa kwiba amabati n’isima vyo Kwubaka no gusanura amashure vyari vyatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu. abasitanteri batatu n’umuhanuzi wa buramatari w'intara ya Rumonge kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze bari mu mvuto bagirizwa ivy'iyo dosiye.

Mu rugendo yakoreye mu ntara ya Rumonge, Prezida Neva yafashe kandi akanya kanini avuga ku bategetsi basamara, abadakora ibikorwa bajejwe, abadatunganiriza abanyagihugu, abasahura n’abanyonora amatungo y’igihugu, abaruhisha abo bajejwe kurongora abitiranya n’abavyeyi gito. Yanagabishije kuzohonyora hamwe na bamwe mu banywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi badindiza intwaro iyo bamuka.

Fyonda hasi usome ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.

Prezida Ndayishimiye Agabisha Guhana Bamwe mu Banywanyi ba CNDD-FDD
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG