Uko wahagera

Uburusiya Burondera Kwigarurira Igisagara ca Bakhmut


Umwe mu banyagihugu ari impande y'ibibomoka vy'amazu mu gisagara ca Bakhmut

Ingwano mu buseruko bwa Ukraine ishimikiye cane muri iki gihe mu gisagara ca Soledar, mu gihe Uburusiya buriko burondera kwigarurira igisagara ca Bakhmut.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Ubwongereza bwatangaje uno musi ku wa Kabiri ko inteko z’Uburusiya n’iz’umurwi w’abacangero, Wagner, zishobora kuba zigaruriye ibice nka vyose vya Soledar.

Iki ni igisagara gitoyi gicukura umunyu kiri mu buseruko bwa Ukraine, kimwe mu bice biberamwo ugutana mu mitwe gukomeye cane. Impande zompi zaratakaje abasirikare benshi cane mu ngwano iriko ibera muri ico gisagara.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, mw’ijambo yashikirije mw’ijoro ry’ejo ku musi wa mbere, yatangaje ko ingwano ikomeye yasenye inyubakwa nka zose zo mu gisagara ca Soledar.

Zelensky yarahayagije ubutwari bw’inteko z’igihugu ciwe. Igisagara ca Soledar kiri hafi y’ibilometero 10 umuntu avuye mu gisagara ca Bakhmut. Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Ubwongereza butangaza ko bisa n’uko Uburusiya buriko bukoresha urugamba mu gisagara ca Soledar mu ntumbero y’ukwigarurira igisagara ca Bakhmut.

Umutegetsi akomeye w’Umunyamerika, atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yavuze ko ingwano iriko ibera mu gisagara ca Soledar ikomeye cane. Amenyesha ko inteko z’abacangero b’Uburusiya baroha abantu babo mu kubashira imbere ku rugamba. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG