Igipolisi ca Kenya catoye ikiziga ca Edwin Chiloba, umunyakenya aharanira agateka k'abakundana basangiye ibitsina kiri mw'isandugu y'icuma mu burengero bw'igihugu. Iyo nkuru yamenyeshjwe uno musi ku wa gatanu n'itangazamakuru ryo muri ako karere.
Abadereva b’amatagisi moto bahaye igipolisi amakuru yerekeye ikiziga ca Edwin Chiloba inyuma y’uko babonye iyo sangudu ijugunywa ku ruhande rw’ibarabara n’imodoka yariko irengana inumero zayo zari zahishijwe. Ibinyamakuru, The Standard na The Daily Nation ni vyo vyatangaje iyo nkuru, bisubiramwo amakuru yatanzwe n’igipolisi.
Ibisigarira vya Edwin Chiloba, yaharanira agateka k’abakundana basangiye ibitsina vyatowe ku musi wa kabiri hafi y’igisagara ca Eldoret mu gice ca Uasin Gishu aho yagirira imirimo y’ubudandaji ijanye n’ivyerekeye imideri, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe ryigenga riharasnira agateka ka muri Kenya, Kenya Human Rights Commission.
Iryo shirahamwe ryamenyesheje, mu butumwa ku rubuga Twitter, ko yishwe bunyamaswa hanyuma atabwa mu karere kari hafi y’igisagara ca Eldoret n’abantu bamwishe batamenyekanye. Rimenyesha ko biteye impungenge bikomeye kubona ubwicanyi ku banyakenya bakundana n’abo basangiye ibitsina bubandanya kwiyongera.
Umuvugizi w’igipolisi ca Kenya, Resila Onyango, yatangaje ko azogira ico avuze ku rupfu rwa Edwin Chiloba mu bihe biri imbere. Ishirahamwe riharanira uburenganzira bw’abasangiye ibitsina muri Kenya, GALCK, ryamenyesheje kuri Twitter ko ribabajwe cane n’iyicwa rya Edwin Chiloba. Rimenyesha ko yari umuntu yitanga atiziganya mu rugamba rw’uguharanira agateka abakundana n’abo basangiye ibitsina (Reuters)
Kenya: Ikiziga c'Uwuharanira Agateka k'Aba LGBTQ Catowe mw'Isandugu

Facebook Forum