Uko wahagera

Ukraine Yemeza  ko Uburusiya Bugiye Kongereza Ibitero Buyikorako


Prezida wa Ukraine
Prezida wa Ukraine

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky,yatangaje ko Uburusiya bufise imigambi y'ukwongereza ibitigiri vy'abasirikare mu ntumbero y'ugukora ibitero bishasha bikomeye.

Zelensky yatangaje ivyo inyuma cane cane y’aho habaye igitero cahitanye abasirikare b’Uburusiya batari bake mu gisagara ca Makiivka mu ntara ya Donetsk mu buseruko bwa Ukraine.

Abategetsi ba Ukraine bamaze indwi zitari nke batangaza ko prezida w’Uburusiya, Vladidmir Putin afise imigambi y’ugutegeka iyinjizwa ikivunga ry’abanyagihugu mu gisirikare n’ukwugara imbibe kugira abantu ntibahunge igihugu kubera ubwoba bw’ukwinjizwa ku nguvu mu gisirikare.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky avuga ko ata nkeka ko abategetsi b’Uburusiya bazokora ibishoboka vyose kugira bahindure uko ibintu vyifashe ku rugamba, canke batume n’imiburiburi ingwano imara ikiringo kirekire kurushiriza. Prezida Zelensky yabitangaje mw’ijambo yashikirije kuri videwo ku musi wa kabiri.

Yasiguye ko bategerezwa kuburizamwo iyo migambi y’Uburusiya. Amenyesha ko bariko baravyitegurira, mu buryo abagira iterabwoba bategerezwa gutsindwa. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG