Uko wahagera

Prezida w'Ubushinwa Vuba Aragendera Uburusiya


Prezida w'Uburusiya n'Uwubushinwa
Prezida w'Uburusiya n'Uwubushinwa

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje uno musi ku wa gatanu ko yiteze ko prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping, azogira urugendo mu gihugu ciwe mu ntango z'umwaka buca utangura w'i 2023.

Prezida Putin yamenyesheje ko biteze urugendo rwa Prezida Jinping mu Burusiya mu ntango z’umwaka uza. Atangaza ko urwo rugendo ruzokwereka amakungu yose inguvu z’ugukorana hagati y’ibihugu vyabo vyompi ku bibazo bikomeye bisangiye.

Yamara ivyatangajwe na Prezida Putin biratandukanye n’ivyatangajwe na Prezida Jinping vyamaze akanya gatoyi aho ataco yavuze ku vyerekeye urugendo rwiwe mu Burusiya.

Urugendo rwa Jinping mu Burusiya ruzoba rwerekanye ko igihugu ciwe gishigikiye Uburusiya mu gihe ibitero ico gihugu kiriko gikora muri Ukraine bitari bigenda neza.

Mu biganiro ba Prezida Putin na Jinping bagiranye hakoreshejwe videwo vyerekanywe kuri televiziyo ya Reta y’Uburusiya, Putin yatangaje kandi ko afise imigambi y’ugukomeza ugukorana hagati y’igihugu ciwe n’Ubushinwa.

Ivyatangajwe na Prezida Putin vyamaze hafi y’iminuta umunani, vyerekana ko Uburusiya buriko butera bwikura ku bihugu vyo mu burengero bw’isi vyabuciriye
ivomo mu bijanye n’ubutunzi na politike kubera ibitero vyabwo muri Ukraine.

Ivyo bihugu vyarahaye ibirwanisho Ukraine. Uburusiya buriko bwiyegereza kurushiriza Ubushinwa, igihugu kiriko gitera gikomera cane ku rubuga mpuzamakungu. Ivyo bihugu vyompi vyarateye igikumu ku masezerano y’ugukomeza kurushiriza ugukorana hagati yavyo mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG