Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Avuga ko Amatohoza ya CPI ku Burundi Atega Ico Gihugu


Prezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro ku banditsi, abamenyeshamakuru n’abanyagihugu
Prezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro ku banditsi, abamenyeshamakuru n’abanyagihugu

Prezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye yatanze ikiganiro ku banditsi, abamenyeshamakuru n’abanyagihugu kuri uyu wa 30 kigarama ku mugwa mukuru w’intara ya Kirundo.

Muri ico kiganiro, Prezida Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ibijanye n’amatohoza ariko arakorwa na sentare mpuzamakungu ku vyaha vyoba vyarakozwe mu Burundi kuva mu 2015 ataraba igihugu c’Uburundi kuko cayivuyemwo.

Ingingo ya sentare y'ibihugu vya Afrika yo mu Buseruko ijanye n'ikiringo ca nyuma c'Umuhisi Petero Nkurunziza ku bwa Evariste Ndayishimiye nayo nyene ntiraba Uburundi kuko "ata shirahamwe ryemerewe kwiga ingingo z’ibwirizwashingiro ry’ikindi gihugu".

Muri ico kiganiro ciwe, Prezida Ndayishimiye yasubiye kugabisha kandi abanyegeje amahera y’igihugu ko bazokwikangura yacitse ibipapuro. Abasavye amahera mvamakungu nabo bakayakoresha ico atagenewe yababwiye ko bazoyariha.

Bamwe mu banyagihugu bitabiriye ikiganiro ca Prezida w'Uburundi.
Bamwe mu banyagihugu bitabiriye ikiganiro ca Prezida w'Uburundi.

Prezida Ndayishimiye yasavye Abarundi kugwiza umwimbu kugira ibiciro vy’ibifungurwa ntibibandanye biduga. Yemeye ko Leta yiwe igiye guhagurukira ikibazo c’igwirirana ry’abantu giteye ingorane nyishi mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG