Uko wahagera

CPI Yemeza ko Amatohoza ku Vyaha Vyakozwe mu Burundi Ageze Kure


Bamwe mu bari muri CPI
Bamwe mu bari muri CPI

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yatangaje ko amatohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’I 2015 ageze kure. Ivuga ko ayo matohoza amaze imyaka 5, ashimikiye ku vyaha bitandatu: Ubwicanyi bwoba bwahitanye abantu barenga 1200, ibihumbi n’ibihumbi bafungiwe ubusa, abandi bakaborezwa igufa, amajana n’amajana banyurujwe bakagenda mazimayongo, abagore basambanijwe ku nguvu. CPI yongerako ko hari abantu barenga ibihumbi 400 bahunze kubera ayo mabi.

CPI yabwiye Ijwi ry’Amerika ko imaze kuronka amakuru akwiye ku vyerekeye ivyo vyaha ivuga ko ari ivy’agahomerabunwa vyakozwe mu Burundi kuva mu 2015. Umugwi ujejwe amatohoza nyezina, uvuga ndetse ko waganiriye n’abegwa n’ayo mabi ku mpande zose.

Ico bikoze, uwo mugwi wemeza ko wahuye n’ingorane kuko utigeze wemererwa guhonyoza ikirenge mu Burundi, kuja kuvugana n’inzego za reta zagirizwa amabi menshi.

Iyo sentare ivuga ko mu kiringo ca vuba ishoboka kuja ku yindi ntambwe. Abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha babwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo ntambwe ikurikira ari ukurungikira imitahe abakekwa gukora ivyo vyaha.

Umugwi ukora ayo matohoza, ntiwashatse kwinjira mw’ido n’ido idosiye ku yindi, n’abakekwa kuba barakoze ivyo vyaha. Ico bikoze, CPI yemeza ko yaronse amakuru akwiye ko vyinshi muri vyo “vyegekwa ku bari muri reta nk’inzego z’umutekano, iperereza n’urwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi”.

CPI imenyesha ko ikora amatohoza no ku bindi vyaha vyoba vyarakozwe n’urundi ruhande yaba imigwi igwana, abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca nyakwigendera Perezida Nkurunziza n’ibindi vyoba vyahitanye abapolisi.

Ntibatubwiye ryari imitahe mpuzamakungu izosohokera, ariko iyo sentare ivuga ko ari co gikorwa gikurikira. Amashirahamwe y’abashingwamanza batwaye muri CPI vyinshi muri ivyo birego, avuga ko amadosiye arenga 2000 ari yo yatanzwe.

Twagerageje kurondera umuvugizi w’ubushikiranganji w’Ubutungane Donavine Niyongere, ariko ntiyashimye kugira ico ashikirije kuri iyi nkuru.

Imyaka itanu iheze iyo sentare iriko irakora amatohoza, isa n’iyabaye myinshi ku bakorewe amabi bashoboye kuvugana n’Ijwi ry’Amerika. Fyonda munsi wumve uko babibwiye umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru, ari ahakorera CPI mu Buholande.

Abakorewe Amabi Biteze iki kuri CPI?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:29 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG