Uko wahagera

Uruzi Kanyosha Rwateye Amazu Agera ku 170 yo mu Kibenga


Amwe mu mazu yatewe n'uruzi Kanyosha
Amwe mu mazu yatewe n'uruzi Kanyosha

Amazu 170 yo muri karitiye Kibenga, zone Kinindo mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura ni yo yatewe n’amazi y’uruzi Kanyosha rwataye inzira kuri uno wa mbere.

Abo banyagihugu batewe n’uwo mwuzure ubu bari mu maganya ntangere. Bamwe baraye ku biro vy’igipolisi mu Kinindo, abandi kugeza magingo aya ntibararonka aho baba.

Irakiza Espérance, umwe muri batanu baserukira abandi mu ntwaro aho mu Kibenga amenyesha ko ivyabaye biteye agahinda. Asaba reta kwihutira kubafasha bakaronka aho baba muri kino gihe amazu yabo acuzuye amazi.

Espérance Irakiza asaba kandi ko reta yobaronsa imashini yoza kuziburura imifurege kugira amazi ashobore gufata inzira yoye kuguma yinjira mu mazu. Amenyesha ko imvura ibandanya igwa kandi ku bwinshi.

Kugeza kuri uno wa kabiri mu gatondo, abo bahuye n’ivyo vyago nta kintu bari bwafashishwe. Abajejwe ubutabazi bw’ibanze mw’ishirahamwe Croix Rouge ritabara imbabare ni bo bari bamaze kuhashika. Bundoyi Désiré yamenyesheje ko muri kino gihe bariko bigisha abo bahuye n’ivyo vyago uko bokwigenza kugira birinde ibiza bikunze gukurikira bene ivyo bihe.

Umwigisha wo muri Kaminuza Bernard Sindayihebura, yanonosoye ivyigwa bijanye n’ibidukikije amenyesha ko vyose bituruka ku bantu bubatse aho amazi yategerezwa guhurira ava mu misozi mu gihe invura yabaye nyishi imbere yuko yisuka mu kiyaga Tanganyika.

Iyo mwuzure yateye aho muri karitiye ya Kibenga yavuye ku mvura yaguye ku bwinshi mu bucagucagu bwo kuri uno wa mbere, abantu bikangura basanga ibintu vyabo bireremba mu kirere. Bamenyesha ko amazi yabateye y’uruzi Kanyosha rwataye inzira yaduze ku rugero rw’imetero yose.

Ivyononekaye kugeza ubu vyose ntibiramenyekana uko bingana. Abantu amazu yabo yatewe nayo mazi bavuga ko ibikoresho vyo mu mazu batunze ata na kimwe bashoboye gusohokana.

Si ubwa mbere abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura baterwa n’imyuzure. Mu mwaka uheze, ababangamiwe gusumba abandi ni abo muri zone Gatumba na Kajaga, aho abanyagihugu barenga 10,000 bataye izabo biturutse ku myuzure.

Abo banyagihugu n’ubu bamenyesha ko barara ntibuca kuko atacakozwe kiboneka cotuma batekana muri kino gihe imvura yasubiriye kuba nyishi.


Inkuru ya Désiré Hatungimana akorera Ijwi ry’Amerika i Kigali mu Rwanda.

Uruzi rwa Kanyosha Rwateye Amazu yo mu Kibenga
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:12 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG