Uko wahagera

Urubura Rwahitanye 17 Rukomeretsa 90 mu Buyapani


Ahaguye urubura
Ahaguye urubura

Igihuhusi c’urubura bita “neige” cahitanye abantu 17 mubuyapani. Ico gihuhusi cahitanye abo bantu17 congera gikomeretsa abandi 90. Ibiro vy’igihugu bijejwe gutabara imbabare no gukinga ibiza, bitangaza ko abantu amajana n’amajana atamuyagankuba bafise.

Abatari bake mu baguye muri ico gihuhusi bariko baragerageza gukura urwo rubura ku mazu yabo. Mu gisagara ca Nagai mu gacimbiri ka Yamagata, urubura rwaraguye kugeza kuri sentimetero 80 ku musi wa gatandatu aho basanze umukecuru yitavye Imana apfutswe n’urubura rusa n’urwamuguyeko.

Umwe mu banyagihugu baba mu gisagara ca Monbetsu avuga ati “birananiza kuguma umuntu yipfumbatiye mu kirengenti kugira ashobora gususuruka”. Mu bice bitari bike vy’uburaruko bushira ubuseruko bw’Ubuyapani baronse urubura rungana n’incuro zitatu kurusha izo bahora baronka muri ibi bihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG