Uko wahagera

USA: Igitigiri c’Abahitanywe n’Imbeho muri New York Kigeze ku 27


Urubura rukikije inzu
Urubura rukikije inzu

Igitigiri c’abamaze guhitanwa n’imbeho hamwe n’urubura bita “neige” mu burengero bwa reta ya New York kigeze ku bantu 27. Ubwo bukanye bw’akataraboneka, bwiswe ko ari ikiza c’ibihe bibi vya mbere bikomeye muri ibi bihe vya vuba. Abategetsi bavuga ko igitigiri c’abantu bahitanywe n’iyo mbeho y’igikonyozi hamwe n’urubura vyatanguye kuri Noheri, rwononye a ibitari bike mu gisagara ca Buffalo aho yahitanye abantu bashika kuri 27.

Abitavye Imana babasanga mu miduga yabo, mu mazu no mubibanza vyo kwakira abasinzikajwe n’ico kiza c’igikonyozi. Ico gihuhusi casinzikaje igice kitari gito c’igihugu aho havugwa ko kimaze guhitana abashika kuri 48 mu gihugu cose. Abajejwe gutabara imbabare barabandanya ibikorwa vyabo.

Ico gikonyozi caciye mu burengero bwa reta ya New York ku musi wa gatanu n’uwa gatandatu, gituma abantu bari mu ngendo n’imiduga bagira ingorane mu mayira, amatara aracika. Vyose vyatumye abajejwe gutabara badashobora gukora ibikorwa vyo gushikira abanyagihugu bari bakwamiye mu miduga n’amazu yabo. Kuri uno musi wa mbere urwo rubura rwari rwapfutse imiduga myinshi, kandi rwatumye umuyagankuba mu mazu ucika. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG