Uko wahagera

Uganda Yaronse Izindi Ncanco zo Gukinga Ebola


Uganda yaronse ingero zitari nke zo kugerageza gukingira abanyagihgu ikiza ca Ebola. Reta ya Uganda, yaronkejwe ingero 5000 z’urwo rucanco ruriko rurageragezwa mu ntumbero yo gutuza ikiza ca Ebola co mu bwoko buzwi nka Sudani” ciyadukije ubwa mbere muri Sudani.

Umushikiranganji wa Uganda ajejwe amagara y’abantu, Jane Ruth Aceng , uyu musi ku wa kane, yabwiye abamenyeshamakuru ko abahinga bava mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi, bazokorana kw’igenekerezo rya 12 ry’ukwezi kwa mbere mu mwaka uza, kugira barabire hamwe niba urwo rucanco ruriko ruragerageza, rwoshobora gutangura gutangwa.

Aho azoba ari umusi umwe inyuma y’aho ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu, OMS, rizoba rimaze gutangaza icese ko ikiza ca Ebola carangiye mu gihugu ca Uganda, mu gihe ata bandi bantu bokwandura mu misi 42.

Igihugu ca Uganda kimaze kubonekamwo abantu 142 banduye umugera w’ico kiza. Muri bo 56 barahasize ubuzima kuva cadutse mu kwezi kw’icenda. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG