Uko wahagera

Amerika Yakiriye nk'Intwari Prezida wa Ukraine


Prezida wa Ukraine ari muri Kongre y'Amerika
Prezida wa Ukraine ari muri Kongre y'Amerika

Urugendo rw’umukuru w’igihugu ca Ukraine muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, rufise akamaro gahambaye nk’uko ibihugu vya Bulaya bibitangaza.

Igihe yafata urugendo rwiwe rwa mbere agiye kubonana na Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden, Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy yabanje guca mu gihugu ca Polonye; igihugu gifise uruhara rukomeye mu ngwano iri muri ico gihugu.

Urwo rugendo yagize muri Amerika rero hamwe n’imfashanyo yahawe, bifise akamaro kanini ku gihugu ca Polonye hamwe no ku bindi bihugu vyo mu karere ico gihugu giherereyemwo, vyasambuwe n’ibihugu bikomeye bibanyi vyaco mu ngwano y’isi yose igira kabiri.

Zelenskyy yakiriwe nk’intwari mu ngoro kwa Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika White House, hamwe no muri Congres ya Amerika.

Mu bihugu vya Bulaya yo mu burengero, urwo rugendo rwatanze ibimenyetso bikomeye kandi rwabaye ubutumwa buhawe amakungu ko Reta ya Amerika izobandanya gushigikira Ukraine yivuye inyuma mu rugamba ico gihugu kirimwo.

Ku bimwerekaye nawe, Prezida Biden avuga ko Amerika yimeje gufasha Ukraine mu twigoro two guhagarika agasomborotso k’Uburusiya hamwe no gusinda ico gihugu ku rugamba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG