Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Yemeza ko Abategetsi Banyuruje Amafaranga Bariko Barayakwa


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yemeza ko abategetsi benshi bariko barakwa amafaranga bari baranyuruje mu kigega ca Reta. Avuga ko ubu ayagarujwe ariko akoreshwa mu bikorwa n'inyubako vy'iterambere rusangi.

Kuri uyu wa kane yatanze akarorero k'umuriyaridi watswe abantu batanu ubu ayo mahera akaba ariko afasha mu kubaka ikibuga c'umupira mpuzamakungu co ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko uyu musi ibikorwa ariko arakora ari ugusubiza agateka igihugu cari carambuwe n’abari bajejwe kugihagararira. Evaritse Ndayishimiye amenyesha ko haheze imyaka itari mike Uburundi bwarandagaye butakaza ijunja n’icubahiro haba mu karere no mu makungu aho abatari bake batangazwa n’ingene Abarundi baryana kandi basangiye ururirmi, abajejwe guhagararira inyungu z’igihugu nabo bagasehera mu mifuko yabo aho kwitaho ibikorwa vy’iterambere. Yatangaje ko iki ari igihe co gusubiza igihugu umutamana.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza.

Prezida Ndayishimiye Yemeza ko Abategetsi Banyuruje Amafaranga Bariko Barayakwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:59 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG