Uko wahagera

Prezida Zelensky wa Ukraine Yabonanye na Prezida Biden w'Amerika


Ba prezida Biden na Zelensky bavugana n'abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu muri White House

Mu ngoro yiwe White House, prezida wa Reta zunze ubumwe z' Amerika, Joe Biden, ari kumwe na Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ejo ku musi wa gatatu, yasavye Abanyamerika n'amakungu kubandanya bashigikira abategetsi ba Ukraine mu mwaka buca utangura w'i 2023. Ni mu gihe Prezida Zelensky yari hano I Washington mu rugendo rwiwe rwa mbere mu mahanga mu gihe igihugu ciwe kiri mu ngwano.

Prezida Biden yuagize ati, “Abanya Ukraine babandanya kubera akarorero amakungu kubera ubutwari n’ukwitanga kwabo. Abanyamerika barifatanije n’abaturage ba Ukraine hamwe n’ibihugu bicuditse kugira babone ko imfashanyo bakeneye bazironkejwe”.

Reta zunze ubumwe z’Amerika imaze guha Ukraine imfashanyo igera ku miliyaridi 50 y’amadolari, kandi ingwano imaze guhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi ibandanya muri ico gihugu. Abantu imiliyoni n’imiliyoni muri Ukraine baravuye mu ngo zabo mu gihe ibisagara bizima vyasenywe. Prezida Biden yatangaje ko bikenewe cane ko abanyamerika n’amakungu bumva Prezida Zelensky ubwiwe avuga ku rugamba igihugu ciwe kirimwo, hamwe n’ukubandanya gukorera hamwe mu mwaka w’i 2023.

Ku ruhande rwiwe, Prezida Zelensky yarashimiye yivuye inyuma Prezida Biden n’abanyamerika. Yagize ati, “Ndabashimira cane Prezida Biden ku mfashanyo ikomeye mubandanya kuduha n’ubuyobozi mubandanya kwerekana. Ndashimira kandi bivuye ku mushaha abanyagihugu basanzwe b’abanyamerika”.

Umuhanuzi wa Prezida Zelensky ku bibazo vya politike, Mykhailo Podolyak, yatangaje ko urugendo rwa Prezida Zelensky i Washington ruzotuma asigura ko kuronka ibindi birwanisho bikomeye ari ibintu bikenewe cane.

Mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatatu, Prezida Zelesnky yarashikirije ijambo abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka bakoranye mu ngoro ya Congress ya Amerika. Yabasabye gukomeza gufasha Ukraine mu rugamba irimo, baba intwaro zatuma birwanaho bihagije. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG