Uko wahagera

Ibanki y'Isi Yose Yahaye Zambiya Imiliyoni 100 z'Amadolari


Umukuru w’ibanki y’isi yose, David Malpass,
Umukuru w’ibanki y’isi yose, David Malpass,

Ibanki y'isi yose yahaye Zambiya imiliyoni 100 z'amadolari muri iki gihe utwigoro two gutunganya gushasha ivyerekeye amadeni y'ico gihugu tutariko turihuta, bivuye ku bihugu gifitiye amadeni, bigikwega amaguru.

Ibanki y’isi yose yari yemeye guha Zambiya imiliyoni 275 z’amadolari mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka kugira afashe ico gihugu gusanura ubutunzi bwaco, inyuma y’ingaruka z’ikiza ca COVID-19, ingaruka z’ingwano muri Ukraine hamwe n’ibibazo vy’amadeni ico gihugu gifiye ibihugu bikomakomeye.

Zambiya cabaye igihugu ca mbere co muri Afrika cananiwe kuriha amadeni yaco mu kiringo ca COVID-19 mu mwaka w’i 2020. Yamara utwigoro two kuganira gushaha amadeni Zambiya ifitiye amakungu agera ku miliyaridi 15 z’amadolari, harimwo Ubushinwa n’ibihugu vy’i Buraya, vyarigijweyo cane.

Umukuru w’ibanki y’isi yose, David Malpass, yatangaje ko Zambiya ikeneye vyihutirwa kworoherezwa amadeni yaco kugira gishobore kubona imitahe mishasha. Yamenyesheje ko atewe impungenge zikomeye n’uburyo abo Zambiya ifitiye amadeni bariko barakwega amaguru, hamwe n’ingaruka ivyo bishobora kugira kw’iterambere ry’ubutunzi no kurwanya ubukene mu gihugu.

Zambiya yabandanije gushira mu ngiro imigambi igenewe gutuma ubutunzi bw’igihugu bunaguka naho abo ifitiye amadeni batebesheje ibiganiro kuri ayo madeni kibafitiye. Ico gihugu caremeye kuganira ivyerekeye amadeni yaco n’abo kiyafitiye, kikaba citeguriye gutera igikumu ku masezerano na bo mu mpera z’ukwezi kwa gatatu kw’umwaka buca utangura w’i 2023. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG