Uko wahagera

Burundi:Umushingwamanza Tony Germain Nkina Yarekuwe


Tony Germain Nkina
Tony Germain Nkina

Mu Burundi, sentare nkuru ya Ngozi mu buraruko bw’igihugu yarekuye umushingwamanza Tony Germain Nkina.

Yari amaze imyaka ibiri irenga apfunzwe yagirizwa ivyaha birimwo uguhungabanya umutekano w'igihugu no gukorana n'abaroberi. Ishirahamwe Human Rights Watch ryagumye rimuvugira kuva agifatwa rirashima iyo ngingo.

Uru rubanza rucitse inyuma y’aho umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH uvugiye ko wizeye ko azohabwa ubutungane.

Urwandiko rw’urubanza Ijwi ry’Amerika ryabonye, sentare nkuru isubiramwo imanza ya Ngozi mu buraruko bw’Uburundi yafuse ivyaha vyose umushingwamanza Nkina n’uwo baregwa hamwe Appolinaire Hitimana.

Urwo rwandiko rugira ruti: “Nkina Tony Germain na Hitimana Appolinaire bagizwe abera ku vyaha bagirizwa. Amagarama ari kw’isandugu ry’igihugu”.

Yari apfunzwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu no gukorana n’abarwanya ubutegetsi canke imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bari bateye muri komine Kabarore mu ntara ya kayanza mu buraruko bw’Uburundi. Hari muri 2020.

Kuva ahagarikwa uwo mwaka, ishirahamwe mpuzamakungu riharanira ubwigenge bwa kiremwa muntu rifise icicaro muri Amerika, Human Rights Watch ntiryahengeshanije gusaba ko yorekurwa. Ryanatanguje isekeza ryitiriye” Ubutungane kuri Tony Germain Nkina”.

Clementine de Montjoye, umushakashatsi ku mugabane wa Afrika muri Human Rights Watch yabwiye Ijwi ry’Amerika kuri terefone ko ari akanyamuneza kenshi kuri we n’abo bakorana bari bamaze imyaka ibiri irenga basaba ko uwo mushingwamanza w’Umurundi yorekurwa. Yavuze ko ari ubwigenge bw’ubutungane bwakoze.

Kw’itariki ya cumi uku kwezi mu gihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu, Sixte Vigny Nimuraba, umukuru w’umurwi CNIDH w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi yari yavuze ko yizigiye ko uwo mushingwamanza azohabwa ubutungane.

Umushingwamanza Nkina yari yahagaritswe kw’itariki ya 13 ukwezi kwa cumi mu mwaka w’i 2020 mu ntara ya Kayanza mu gihe yari aroye kuraba umwe mu bantu yunganira. Yarapfungiwe igihe gito mu gasho k’iperereza muri iyo ntara imbere yo kurungikwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Kugeza mu mwaka wa 2015 imbere y’uko ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo rifutwa na Reta y’Uburundi yariserukira mu Kayanza.

Kuva Prezida Evariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi gihutihuti inyuma y’urupfu giturumbuka rw’uwo yasubiriye Pierre Nkurunziza mu kwa gatandatu 2020, Tony Germain Nkina abaye uwugira gatatu mu baharanira agateka ka zina muntu arekuwe.

Mu kwa kane umwaka uheze, Nestor Nibitanga yaserukira APRODH nyene mu ntara ya Gitega hagati na hagati mu Burundi, kugeza muri 2015 yarekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu inyuma y’imyaka ine yari amaze mu munyororo yakatiwe gufungwa imyaka itanu yagirizwa ivyaha bimwe na mugenzi we Nkina.

Mu kwa gatandatu naho uwo mwaka, harekuwe Germain Rukuki wo muri ACAT-Burundi, ishirahamwe ry’Abakirisu barwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Muri 2018, uwo mugabo yari yaciriwe igihano co gufungwa imyaka 32, umunyororo ata yindi mpirimbanyi yari bwawuhanishwe mu Burundi. Yari yafunzwe yagirizwa ivyaha bisusa n’ivyabashatse gutembagaza ubutegetsi bwa nyakwigendera Prezida Pierre Nkuruniza.

Ku mbuga ngurukanabumenyi, abatari bake mu baharanira agateka ka zina muntu banditse bashima irekurwa rya Nkina bagira bati” Ni vyiza ko bamurekuye ariko dutegerezwa kwiyamiriza iyi ngendo yo kwama bafungira abantu ubusa bakaja kubeza babanje kuvundira mu mabohero”.

Umucamanza wa mbere yari yahanishije uwo munyamategeko umunyororo w’imyaka itanu n’ihadabu ry’umuriyoni w’amafaranga y’Amarundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG