Uko wahagera

Papa Avuga ko Yiteguye Gutanga Imihoho Amagara Amukitse


Papa Fransisiko, umwungere wa Ekleziya katolika yasohoye ibanga kuri uyu w’Imana, avuga ko yatanze urwete rwo gutanga imihoho mu gihe yoshikirwa n’ibibazo vy’amagara make.

Mu kiganiro yahaye ikimenyeshamakuru co muri Esupanye, ABC, yavuze ko iryo kete yaryanditse inyuma y’aho atorewe muri ayo mabanga mu 2013. Yavuze ko yahaye urwo rwandiko umukardinale w’ico gihe yari ajejwe imigenderanire i Vatikano kandi agakeka ko uwuhari muri iki gihe azokurikiza ayo mabwiriza.

Papa Fransisiko, azoshikana imyaka 86 ku musi wa gatandatu, aheruka kubagwa urura ruto, kandi amaze amezi afise ibibazo mu mavi.

Mu majambo yagiye arashikiriza muri kahise, Papa yarashimye ingingo yo gutanga imihoho yafashwe n’uwo yasubiriye, Papa Benedigito wa 16, yabonye ko kubwo gusaza atoba akibasha gukora neza amabanga yatorewe.

Yabaye umupapa wa mbere yatanze imihoho mu myaka 600 iheze. Ugutanga imihoho kwiwe kwatumye Fransisiko aca atorwa, aba umupapa wa mbere aturuka muri Amerika y’epfo.

@AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG