Uko wahagera

Hagati ya Argentine n'Ubufaransa ni Iyahe Ekipe Itahana Miriyoni 42 z'Amadorari?


Uno munsi ni ho haza kumenyekana uwutahukana igikombe c’umupira w’amaguru hagati ya Argentine n’Ubufaransa. Ikipe iza gutsinda iyindi, iza kuronka agashimwe k’imiriyoni 42 z’amadorali y’Amerika, iya kabiri nayo ironke imiriyoni 30.

Korowasiya yatsindiye umwanya wa gatatu iza guhabwa imiriyoni 27, Maroki nayo yaje mu mwanya wa kane ironke imiriyoni 25.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru, FIFA, ni ryo riza gutanga aya mafaranga yose. Riyavana mu kigega cayo mu vy’ubushimwe kibarizwamwo miriyoni 440 z’amadorali.

Abakinyi bararonka agahembo gafatika kuri ayo mafaranga: Ikinyamakuru ca siporo co mu Bufaransa citwa, L'Equipe, cemeza ko abakinyi nka Kylian Mbappé baza guhabwa ayababa amadorali ibihumbi 586.

Naho kuvyerekeye ikipe yose yitabiriye amahiganwa y’uno mwaka, FIFA iza kuyiha n’imiburiburi imiriyoni 9 z’amadorali, irenzeko umuriyoni umwe n’ibihumbi 500 vy’amadorali yo gushumbusha imyiteguro yakoze kugira igere muri Katari ahari hamaze iminsi habera amahiganwa y’umupira w’amaguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG