Abasirikare bagera ku 1200 ni bo bagiye gusahiriza bumwe mu buzi bwahora bukorwa n’abatwara amamodoka ya ruseha abaniha n’abapolisi bacungera imbibe mu Bwongereza.
Reta y’Ubwongereza yatangaje ano makuru mu gihe abapolisi bacungera imbibe bari muri yegereyege, abatwara za ruseha abaniha nabo bakaba bagabisha kuzohagarika akazi igenekerezo rya 21 n’irya 28 uku kwezi kwa cumi na kabiri.
Iyo mirwi y’abahagaritse akazi ije guhamvya abaforoma bagaharitse ku wa kane, bikaba bitegekanijwe ko bakora iyindi yegereyegere ku wa kabiri w’ino ndwi. Mu bandi bagabisha guhagarika akazi, harimwo abakorera mu gisata c’ukunguruza abantu n’ibintu. Iyo mirwi yompi isaba kongerwa umushahara.
Ubwongereza buri mu bihe bigoye vy’ubutunzi butigeze bubamwo mu myaka ijana iheze: Ifaranga ry’ipawundi rikoreshwa muri ico gihugu ryataye agaciro kugera ku bice 10%.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Rishi Sunak, yavuze ko abariko bahagarika akazi bariko bakwegera akaga abanyagihugu baharurwa mu mamiriyoni.
Facebook Forum