Uko wahagera

Prezida Ramaphosa n'Umugambwe ANC mu Bibazo


Prezida wa Afurika y'epfo Cyril Ramaphosa
Prezida wa Afurika y'epfo Cyril Ramaphosa

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC, wuguruye uno musi ku wa gatanu, ikoraniro rikomeye ryawo ryo ku rwego rw'igihugu, mu gihe Prezida Cyril Ramaphosa ahanganye n'ibirego vy'uko yigenjeje nabi. Ivyo bibaye no mu gihe umugambwe ANC urimwo indyane.

Abaserukira abanywanyi b’umugambwe ANC barenga 4.000 baturuka mu gihugu cose bakoraniye mu gisagara ca Johannesburg mw’ikoraniro rizomara imisi itanu. Umugambwe ANC uzotora abayobozi bawo, wongere wemeze imigambi ikomeye yerekeye uburyo igihugu coyoborwa.

Prezida Ramaphosa ariko arondera gusubira kwitoza mu mabanga y’ukuyobora umugambwe ANC mw’ikoraniro rikomeye ryawo ryatanguye uno musi ku wa gatanu; ikoraniro ryama riba uko imyaka itanu itashe. Vyitezwe ko ikibazo cerekeye ivyo Prezida Ramaphosa yagirizwa ko ashobora kuba yararenze ku mategeko arwanya ruswa, n’indyane ziri mu mugambwe ANC bishimikirwako muri iri koramiro ryawo.

Ikoraniro rikomeye ku rwego rw’igihugu ry’umugambwe ANC ribaye mu gihe igihugu ca Afrika y’epfo gihanganye n’ibibazo bikomeye cane birimwo umuyagankuba ucika kenshi mu gihugu, urugero rw’ubushomeri ruri ku bice 35 kw’ijana, n’ubutunzi butariko burisununura mu buryo bwihuta.

Imigambi ikomeye izoganirwa n’abaserukiye abandi izoba mu mwiherero. Vyitezwe ko ishimikira ku vyerekeye gukomeza ubutunzi bw’igihugu bucumbagira muri iki gihe. Imigambi izoba yemejwe izoshirwa mu bikorwa n’umukuru w’igihugu, reta yiwe n’inama nshingamateka, kubera umugambwe ANC ugenzura izo nzego zose uko ari zitatu. Vyitezwe ko Prezida Ramaphosa ashikiriza ijambo ryo kugurura ikoraniro ry’umugambwe ANC, rizobandanya gushika ku musi wa kabiri w’indwi iza. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG