Uko wahagera

Burundi: CVR Ikomeje Kwemeza ko Ubwicanyi bwo mu 72 ari Jenoside y'Abahutu


Umukuru wa CVR, Pierre Claver Ndayicariye
Umukuru wa CVR, Pierre Claver Ndayicariye

Mu Burundi, umurwi w'igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR, ugiye gushira ahabona icegeranyo cerekana amabi yabaye muri ico gihugu hagati y'umwaka wa 1885 na 1972.

Umukuru wa CVR, Pierre Claver Ndayicariye, amenyesha ko muri iyo raporo hazokwerekanwa uruhara rwa bamwe n'abandi barimwo abakoronije Uburundi hamwe n'abamenyesha Mana b'abamisiyonari.

Naho Prezida Évariste Ndayishimiye yavuze ko ubwicanyi bwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi muri 1972 hataragera ko bwitwa " ihonyabwoko ", umukuru wa CVR uno munsi yasubiye kwemeza nk’uko yabibwiye inama nkenguzamateka na nshingamateka umwaka uheze ko ubwicanyi bwa 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu.

Fyonda munsi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.

Prezida w'Uburundi na CVR Ntibahuriza kw'Izina ry'Ubwicanyi bwo mu 72
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:09 0:00
XS
SM
MD
LG