Uko wahagera

Katari: Argentina Yinjiye muri Finale


Abakinyi ba Argentina bahejeje gutsinda Croasiya
Abakinyi ba Argentina bahejeje gutsinda Croasiya

Ku bakunzi b’inkino mu rukino rwa mbere rwa kimwe ca kabiri c’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kiriko kibera muri Katari rwahuje Argentine na Krowasiya kuri uyu musi wa kabiri. Argentine yatahiye intsinzi y’ibitsindo 3 ku busa bwa Krowasiya. Igitsindo ca mbere ku ruhande rwa Argentine cinjijwe kuri penalti n’umukinyi rurangiranwa, Lionel Messi, ku munuta wa 34 mu gihe ibindi bitsindo 2 vyinjijwe n’umukinyi Julian Alvarez ku minuta ya 39, na 69.

Messi amaze kwinjiza ibitsindo 11 gushika ubu mu bikombe vy’isi yose 5 amaze gukinamwo. Ni ukuvuga mu myaka y’i 2006, 2010, 2014, 2018 n’uyu mwaka w’i 2022. Arushije igitsindo kimwe uwundi mukinyi rurangiranwa wo mu gihugu ciwe, Gabriel Batistuta yanjije ibitsindo 10 mu bikombe vy’isi yose yakinyemwo mu myaka y’i 1994, 1998 no mu mwaka w’i 2002. Muri iki gikombe c’isi yose co muri Katari, Messi amaze kwinjiza ibitsindo 5. Akaba anganya na Kylian Mbappe wo mu gihugu c’Ubufransa.

Argentine imaze gutsindira igikombe c’isi yose incuro 2, ni ukuvuga mu mwaka w’i 1978 n’umwaka w’i 1986. Ikaba imaze imyaka 36 idatsindiye ico gikombe. Yarangije mu kibanza ca kabiri incuro 3 mu myaka y’i 1930, 1990, no mu mwaka w’i 2014.

Abakwirikirana umupira w’amaguru bavuga ko iki gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co muri Katari gishobora kuba arico ca nyuma ku mukinyi, Lionel Messi, afise imyaka 35, muri iki gihe. Bavuga ko biboneka ko Messi, atarigera atsindira igikombe c’isi yose n’umurwi nserukiragihugu wa Argentine, ashaka kwandika amateka y’igihugu ciwe nk’uko uwundi mukinyi yari rurangiranwa muri ico gihugu Diego Armando Maradona yabigenjeje mu gufasha igihugu ciwe gutsindira igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 1986 mu gihugu ca Mexique.

Mu rukino rugira kabiri rwa kimwe ca kabiri ruba uno musi ku wa gatatu, Ubufransa buza guhura na Maroke. Ubufransa, bwatsindiye ico gikombe c’isi yose ubuheruka mu mwaka w’i 2018, kiriko kirondera kugitsindira incuro 2 zikwirikirana. Ibihugu bibiri gusa nivyo bimaze gutsindira ico gikombe vyikwirikiranya. Ni Ubutaliyano mu mwaka w’i 1934 no mu mwaka w’i 1938 hamwe na Brezil mu mwaka w’i 1958 n’uw’i 1962.

Maroke yoyo nico gihigu ca mbere co ku mugabane wa Afrika gishitse muri kimwe ca kabiri c’igikombe c’isi yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG