Uko wahagera

Igitero kw'Ihoteri i Kabul Cahitanye Batatu


Imyotsi y'ahabereye igitero i Kabul, kw'itariki ya 12/12/2022
Imyotsi y'ahabereye igitero i Kabul, kw'itariki ya 12/12/2022

Abantu bashika kuri batatu barishwe igihe abagabo bitwaje inkoho batera ihoteri ikunze guhurumbirwa n’abagwizatunga b’Abashinwa, ku murwa mukuru wa Afuganistani kuri uyu wa mbere. Abanyagihugu babibonye bavuga ko haturikijwe ibisasu bitari bike kandi vyarekuye umuriro mwinshi.

Abatalibani biyemerera ko umutekano wiyongereye kuva bagarutse ku butegetsi mu kwezi kwa munani umwaka uheze. Ariko harushiriza guterwa amabombe hamwe n’ibitero, vyinshi vyemangwa n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Ishirahamwe ritabara ry’abataliyano, rifise ibitaro hafi y’ahabereye ico gitero, ryavuze ko ryakiriye abantu 21, barimwo batatu bapfuye bagishika kwa muganga. Ariko ntiryavuze nimba abapfuye ari abasivile canke abakoze ico gitero.

Ihoteri yatewe ikunze guhurumbirwa n’abarwizatunga b’abashinwa, barushiriza kwisuka ku bwinshi muri ico gihugu kuva Abatalibani bagaruka ku butegetsi.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG