Igipolisi ku murwa mukuru w’igihugu ca Zambiya gitangaza ko catoye ibiziga vy’abantu 27 bakekwa kuba ari abanye Etiyopiya.
Igipolisi gitangaza ko ivyo biziga vyose 27 ari ivy’abagabo gusa kandi bari hagati y’imyaka 20 na 38. Mw’itangazo ryasohowe ejo ku musi w’Imana na Danny Mwale, icegera c’umukuru w’igipolisi mu biro bijejwe gutanga amakuru, avuga ko ivyo biziga vyatawe n’abantu bataramenyekana mu karere ka Ngwerere mu gisagara ca Lusaka.
Uwo muvugizi wa polisi yavuze ati, birakekwa ko bose baturuka mu gihugu ca Etiyopiya. Ati umwe muri bo yari agihumeka aca atwarwa ku bitaro kuvurwa vyihuta. Yavuze kandi ko ivyo biziga 27 vyose vyatwawe ku bubiko bw’ibiziga vyo kuri kaminuza kugira babisuzume. Mwale amenyesha ko igipolisi n’izindi nzego z’umutekano zatanguye amatohoza.
Facebook Forum