Viktor Bout, Umurusiya agurisha ibirwanisho yararekuwe ejo ku musi wa kane mu masezerano y'uguhanahana abanyororo hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika n'Uburusiya, avuga ko ibihugu vyo mu burengero bw'isi biriko birondera gusenya n'ugucamwo ibice Uburusiya.
Victor Bout yarekuwe na Amerika, Uburusiya nabwo burekura, Brittney Griner, umukinyi rurangiranwa mu rukino rw'amaboko rwa Bastball ku rwego rw'abapfasoni.
Uyu Victor Bout yabwiye televiziyo ya reta y’Uburusiya, RT, ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi bibona ko bitaheraheje umugambi wavyo wari werekeye Uburusiya mu myaka y’i 1990 igihe icitwa ubumwe bw’abasoviyete catangura gusambuka. Amenyesha ko vyibaza ko bishobora gusubira gusenya Uburusiya n’ukubucamwo ibice.
Victor Bout azwi nk’umucuruzi w’urupfu, yarekuwe ku musi wa kane mu masezerano y’uguhanahana abanyororo hagati y’Amerika n’Uburusiya. Yarekuriwe i Abu Dabi akabishijwe n’umunyamerikakazi Brittney Griner, yari apfungiwe mu Burusiya kubera yafatanywe ivyo Uburusiya bwavuze ko rwari urumogi.
Bout, afise imyaka 55, yagirijwe ko yagurisha ibirwanisho ku barwanya ubutegetsi mu bice bitandukanye vyo kw’isi vyarimwo intambara zihaye inkumbi. (AFP).
Facebook Forum