Uko wahagera

Amerika n'Uburusiya Bahanahanye Imbohe, Brittney Griner Ubu Aridegemvya


Brittney Griner
Brittney Griner

Umunyamerikakazi rurangiranwa mu rukino rw’umupira w’amaboko basketball, Brittney Griner, ejo kuwa kane yararekuwe, ava mu gasho yari afungiwemwo mu Burusiya. Ni inyuma y’aho Amerika nayo irekuriye umurusiya, Viktor Bout yakora urudandaza rw’inkoho yari afungiwe muri Amerika.

Ibi birangije ico Prezida Joe Biden yise amezi y’imibabaro yarimwo.

Uko guhanahana imbobe kwashobotse inyuma y’ibiganiro vyari bimaze amezi hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri.

Griner, yafashwe mu ndwi imwe imbere yuko Uburusiya butera Ukraine. Yari yaciriwe umunyororo w’imyaka ine mu kwezi kwa munani, yagirizwa kuba yari afise no kwinjiza ibiyayuramutwe mu Burusiya.

Prezida Biden yavuze ko Amerika izobandanya ikora kugira ibohoze na Paul Whelan, yahoze mu gisirikare ca Amerika, nawe afungiwe mu Burusiya.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG