Uko wahagera

Uburusiya Bwaciriye Umunyororo w'Imyaka 9 Umunyamerika Yafatanywe Ibiyayuramutwe


Umunyamerikakazi Brittney Griner, atwawe muri sentare i Khimki hanze y'umurwa mukuru Moscou, kw'itariki 7/7/2022.

Sentare mu Burusiya, kuri uyu wa kane yaciriye umunyamerikakazi w’umukinyi rurangiranwa wa Basketball, Brittney Griner, umunyororo w’imyaka icenda. Yagirijwe icaha co kwinjiza mu Burusiya ibiyayuramutwe. Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yavuze ko atemera iyo ngingo ya sentare.

Umucamanza yamuciriye urubanza, Anna Sotnikova, yavuze ko Griner, asabwa kandi kuzoriha n’amande angana n’amadolari 16,590.

Perezida Joe Biden yavuze ko azokora uko ashoboye ace no mu nzira zose gushika amutahukanye muri Amerika.

Ifungwa rya Griner ryatumye Amerika n’Uburusiya batangura kuganira kw’ihanahana ry’abanyororo kandi uwo mukinyi agashobora kuba muri abo bazohanahanwa.

Umukinyi wa Basketball Griner yafatiwe ku kibuga c’indege i Moscou mu kwezi kwa kabiri, inyuma yo kumusangana amavuta y’urumogi rwa cannabis mw’isakoshi yiwe. Yafashwe haheze imisi mike Uburusiya butanguje ibitero vy’indege muri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG