Uko wahagera

MSF Iragabisha Cholera mu Buraruko bwa Goma


Abakozi ba MSF bariko bakora ibitanda vyo kuryamikako abarwayi ba Cholera
Abakozi ba MSF bariko bakora ibitanda vyo kuryamikako abarwayi ba Cholera

Abakozi bo mu mashirahamwe y’abagiraneza mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo baragabishije ejo ku musi wa kane ko bishobora kuyangara mu bijanye n’amagara y’abantu kuko ikiza ca cholera kiriko kirandukira ku murindi munini mu mahema y’abateshejwe ingo zabo.

Ishirahamwe ry’Abafaransa, Medecins sans Frontieres, MSF, ryavuze ko hagati y’amatariki ya 26 z’ukwa cumi na kumwe na zitandatu z’uku kwa cumi na kabiri, abantu 256 bamaze kwakirwa mu kigo bavurirwamwo i Munigi, hafi y’igisagara Goma.

MSF yavuze ko abashika ica gatatu c’abo banduye Cholera ari abana bari munsi y’imyaka itanu.

Abantu barenga 177,000 babayeho mu bihe bibi cane mu gace ka Nyiragongo, mu buraruko bwa Goma, inyuma yo guhunga abarobeli ba M23 bariko begereza ico gisagara mu ndwi ziheze. Imvura nyinshi igaragara muri ako karere yatumye batoratora amashami y’ibiti n’amababi kugira bayikingire.

OMS Ivuga ko abo bantu barundaniriye hamwe kandi batagira utuzu twa surwumwe n’amazi meza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG