Uko wahagera

Muri Liberiya Banebagura Prezida Amaze Ukwezi Kurenga Atari mu Gihugu


Prezida wa Liberiya, George Weah
Prezida wa Liberiya, George Weah

Abatavuga rumwe na reta muri Liberiya banebagura prezida w’ico gihugu, bamwagiriza kumara igihe kirekire atakirimwo. Batebuye bibaza nimba igihugu kiriko gitwarirwa mu mahanga.

Prezida George Weah aheruka muri Liberiya mu mpera z’ukwezi kwa cumi: Yagiye mu bihugu bitandukanye birimwo Katari, aho yagiye kuraba umuhungu wiwe mu mahiganwa y’igikombe c’umupira w’amaguru. Umuhungu wa Weah akinira ikipe y’Amerika.
Umunyepolitike yitwa Lewis Browne yagize ati: “George Weah yerekanye ko ari sindabibazwa, aguza igihugu cose ukuja kurorera imikino.” Uwo munyepolitike yagirije Weah gukoresha amafaranga y’igihugu mu buzima bwiwe bwite.

Bitegekanijwe ko Prezida George Weah asubira mu gihugu ciwe itariki 18 uku kwezi kwa 12.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG