Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin yatangaje ko yitegeuriye ibiganiro ku vyerekeye Ukraine. Yamara amenyesha ko ibihugu vyvo mu burengero bw'isi bitegerezwa kwemera ivyo gihugu ciwe gisaba vy'uko vyemera intara za Ukraine cigaruriye.
Ivyo Putin abitangaje umusi umwe inyuma y’uko Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden avuze ko yiteguriye kuvugana na Putin hamwe yoba ariko arondera uburyo bw’uguhagarika ingwano muri Ukraine.
Mu vyo yatangaje ku musi wa kane mu biro vyiwe, Maison Blanche ari kumwe na prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, Biden yavuze ko yiteguriye kuvugana na Putin hamwe yoba ariko arondera guhgarika ingwano muri Ukraine. Yamara yatangaje ko Putin atarabikora gushika ubu.
Prezida Biden ntaravugana ubwiwe na Prezida Putin kuva Uburusiya buteye Ukraine kw’italiki 24 y’ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka w’i 2022. Mu kwezi kwa gatatu Biden yise Putin umwicanyi karuhariwe adakwiriye kuguma ku
butegetsi. Muri iki gihe inyuma y’amezi icenda y’ingwano n’ubukanye buriko butera bukomera cane, ibihugu vyo mu burengero bw’isi biriko bigerageza kwongereza imfashanyo igenewe Ukraine.
Ni mu gihe ico gihugu kiriko gisinzikazwa n’ibitero vy’ama misile n’indege zitagira abadereva bita drone vy’Uburusiya biriko bikorwa mu bibanza bikomeye bitanga umuyagankuba, mu vyatumye abantu imiliyoni n’imiliyoni babura aumuyagankuba, amazi n’uburyo bw’ikwishusha mu gihe c’ubukanye.
Facebook Forum