Uko wahagera

Kameruni: Abashika 14 Barishwe Baguweko n'Umusozi Bari ku Maziko i Yaounde


Abatabara bariko barakura ibiziga mu bibomoke vy'umusozi ahariko harabera amaziko i Yaounde, muri Kameruni, kw'itariki ya 27/11/22
Abatabara bariko barakura ibiziga mu bibomoke vy'umusozi ahariko harabera amaziko i Yaounde, muri Kameruni, kw'itariki ya 27/11/22

Abantu 14 bahasize ubuzima i Yaounde, ku murwa mukuru wa Kameruni, bari ku maziko kuri uyu w’Imana. Buramatari Naseri Paul Bea, w’intara yo hagati ya Senegal, yavuze ko baguweko n’umuzosi wari hejuru y’itongo bariko barahambamwo umunyagihugu yapfuye. Yavuze ko hakiriko hararonderwa abandi boba bapfuye.

Yaounde ni kimwe mu bisagara vyo ku mugabane wa Afrika birwamwo imvura nyinshi kandi kirimwo udusozi tutari duke. Imvura nyinshi yama yateye imyuzure mu gihugu uyu mwaka. Iyo mvura yarononye inyubako zitari nke kandi ikura mu ngo abanyagihugu ibihumbi.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG