Abarwanyi bo mu murwi urwanya ubutegetsi bwa Kongo, M23, n’ingabo za reta y’ico gihugu uno musi ku wa Mungu biriwe batanze agahengwe mu buseruko bwa Kongo.
Abanyagihugu baba mu buseruko bwa Kongo bemeza ko amasezerano yo gutanga agahengwe yinjiye mu munsi wayo wa kabiri asa nk'ayubahirijwe.
Agahengwe katanzwe kari mu vyumvikanyweko mu nama yabereye ku wa gatatu I Luanda ku kurwa mukuru wa Angola.
Mu bindi vyafundikiriwe muri iyo nama, harimwo ko abarwanyi ba M23 bava mu duce bigaruriye, bitagenze uko, ingabo zarungitswe n’umuryango w’akarere ka Afurika y’ubuseruko, EAC, zigakoresha inguvu mu kubavana muri ubwo burere.
Naho abanyagihugu bemeje ko uno munsi ubuseruko bwa Kongo bwiriwe butekanye, babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, ko ata kimenyetso na kimwe c’uko abarwanyi boba bavuye mu duce bigaruriye.
Hagati aho, naho mu buseruko bwa Kongo hiriwe agahengwe, ejo ku wa gatandatu, abarwanyi bo mu murwi wa Mai Mai bari kumwe n’aba FDLR batanye mu mitwe n’aba M23. Abanyagihugu babwiye AFP ko inyuma y’izo ntambara, M23 yigaruriye igisagara citwa Kisharo kiri ku bilometero nko ku birometero 30 na Uganda.
Facebook Forum