Uko wahagera

CPI Yasezeye ubwa Nyuma Charles Blé Goudé


Charles Blé Goudé
Charles Blé Goudé

Charles Blé Goudé yasezeye ubwa nyuma Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI iri i LaHaye mu Buholande. Uyu yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka akanatwara urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi muri Côte d’Ivoire agiye gusubira mu gihugu ciwe inyuma y’imyaka umunani.

Yari yarekuwe na CPI ku mwaka uheze yejejwe ku vyaha vy’ubwicanyi n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ariko igihugu ciwe canka kumwakira. Ubu yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Prezida yamuhaye ikigongwe kugira atahe. Abaharanira agateka ka zina muntu muri Côte d’Ivoire ntibabishima.

Uyu mugabo yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka mu gihugu ca Côte d’Ivoire, hari haheze umwaka yambitswe izera na CPI, ariko kubera igihugu ciwe camwankiye gutahuka, CPI yamutegetse kwama yitaba kuri biro vy’iyo sentare kabiri mu ndwi, ku wa kabiri no ku wa gatanu, kugira yerekane ko akiba mu gisagara ca La Haye ahari iyo sentare.

Kuri micro y’Ijwi ry’Amerika, akamwemwe kari kose. Yagize ati:“ Nibaza ko ivyanje na CPI bihereye ngaha uyu munsi. Narambitswe izera, sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yarabisinye, irandekura. Ubu rero ndera, nta caha na kimwe nagirizwa. Vyose vyari irementanya n’urwanko rwa politike. Ubu rero ngiye gutahuka mu gihugu canje c’amavukiro. Nibaza ko ari ingendo nziza ya reta ya Côte d’Ivoire mu ntumbero yo gusubiza hamwe. Twibagire ivyabaye, turabe imbere. Ni co gituma umukuru w’igihugu yemeye ubu akampa ikigongwe kugira ntahe iwacu”.

Ivyaha Blé Goudé yejejweko harimwo ubwicanyi, kunyuruza abantu, kubahohotera, guhonyanga agateka ka zina muntu, ivyaha vy’agahomerabunwa n’ibindi. Ibi yavyagirizwa ari kumwe na Laurent Gbagbo yahoze ari Perezida wiwe muri reta bari basangiye, nk’umushikiranganji w’urwaruka. Bakekwa ko boba babikoze mu mpera z’umwaka w’2010 n’intango z’umwaka wa 2011, mu ntureka zakurikiye amatora, Laurent Gbagbo yatsinzwemwo yanka kuva ku butegetsi.

Blé Goudé yatangaje ko ubu yamaze kuronka urupapuro rw’inzira pasiporo kandi ko azotahuka ku munsi wa gatandatu uza. Yabwiye Ijwi ry'Amerika ati:" Ndaryohewe no gusubira mu gihugu canje n’aho hari haheze imyaka irenga 11 ntariyo. Ni nko gusimbira mu kinogo utazi ikirimwo, ariko ni iwacu, ntegerezwa gusubirayo ko ndonse ubwo burenganzira”.

Charles Blé yizeye ko ataco azoba kuko hari n’abandi batashe imbere yiwe nka Laurent Gbagbo barekuriwe rimwe na CPI, wewe haheze umwaka atahutse. N’aho biri uko, amashirahamwe yigenga muri Côte d’Ivoire abona ko abahitanywe n’intureka za politike mu mwaka w’2010 barenga 3,000 n’ubu bakirindiriye ubutungane.

Aya mashirahamwe asaba ko amasentare y’imbere mu gihugu yobandaniriza aho CPI yagejeje, CPI n’ayo ikabandanya amatohoza. Kuri micro y’Ijwi ry’Amerika, Maitre Traoré Drissa , atwara urunani rw’abashingwamanza bo muri Côte d’Ivoire bakorana na CPI yavuze ko ababajwe n’uko abakorewe amabi bibagiwe.

Charles Blé Goudé w’imyaka 50 yavuze ko agiye kubandanya urugamba rwa politike mu gihe n’urwaruka yatwara ubu rwagize umugambwe wemewe n’amategeko, COJEP. Yishuye ati: “uwushaka kubona ibaba ry’inkoko yegera aho yabagiwe, ni co kinjanye”.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru, intumwa idasanzwe y'Ijwi ry'Amerika i La Haye, mu Buholande

CPI Yasezeye Blé Goudé
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:08 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG